Scroll to Top

Masterland yipfuza gukorana akaririmbo na Vanessa Mdee

By KING YANN COOL / Published on Monday, 23 Apr 2018 06:41 AM / /

VMoney canke Vanessa Mdee niwe Masterland ashima gukorana nawe muri kano karere, ivyo akaba yabishikirije ku rubuga rwa Facebook ariko aganira n’abakunzi b’ibikorwa vyiwe.

Mu gihe abakunzi b’ibikorwa vyiwe babandanya basaba ko uwo muririmvyi ashira ahabona akandi karirimbo gashasha, Masterland yashikirije ko ariko arategura ibikorwa bitari bike mu misi ya Vuba bizoshirwa ahabona.

Muvyo yashikirije, yavuze ko hari urukurikirane rukwiye ariko arategura abakunzi b’ibikorwa vyiwe. S’ico gusa kuko ku rubuga rwa Facebook yabajijwe n’abakunzi biwe nimba ashobora kuzobakorera amasanamu y’akairimbo Sabwe, uwo nawe ntiyavyanse ariko atanga umuhango wa Vuba atarinze kuvuga umusi.

Uwo muririmvyi akomoka mu Ntara ya Ngozi, ntiyaretse kubwira abariko bamubaza ivy’ugukorana n’abanyamahanga ko ariko aracigako ngo abone uko ic gikorwa co gikorwa. Abajijwe uwo abona yoshima ko bakorana, yavuze ko ashima muri kano karere gukorana n’umuririmvyi akomoka mu gihugu ca Tanzania, Vanessa Mdee. Aho ni mu gihe na Gaga Blue nawe nyene yavuze ko ariwe yipfuza gukorana nawe.

Uwo mwanditsi wa Ntundekure, indirimbo imaze umwaka isohotse, ikaba imaze kurabwa incuro zirenga 58 000 ku rubuga rwiwe rwa Youtube, yanabajijwe nimba hari umukunzi afise ariko avuga ko atawe agira. Ngo niyamuronka azoheza amwerekana nkuko babimusavye.

Mwokwibuka ko uwo muririmvyi ari muri bake bahembwa neza mu gihe bariko bakora ibiteramo, kandi afise urudandazwa rwifashe neza kandi rwabonetse mu mwanya muto atanguye gukorera ico gikorwa ngaha mu gisara ca Bujumbura.

6,563 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment