;
Scroll to Top

#diaspora | Kaya Free yitezwe i Montreal gushira ahabona urukurikirane rushasha

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 24 Apr 2018 09:32 AM / No Comments / 459 views

Kaya Free aritezwe i Montreal mu ntango z’ukwezi kwa 6. Akaba azokora ibiteramo 2 muri ico gisagara aho azoba aramutse yerekana urukurikirane rushasha.

Igenekerezo rya 1 na 3 ruheshi muri uno mwaka mu gisagara ca Montreal, umuririmvyi Kaya Free azoshira ahabona urukurikirane rushasha mu biteramo 2 vyamuteguriwe muri ico gisagara.

Ivyo biteramo bikaba bizoba bifise intumbero 2 nkuko yabiyagiye indundi magazine. Imwe murizo harimwo ko azoba aramutse yerekana ingabire yiwe imbere y’aba Producteurs hamwe n’abasanzwe bategura amasabukuru muri ico gihugu kitari gito, aho akazoba ari igenekerezo rya 3 ruheshi.Ico gikorwa nkuko amakuru dukesha Kaya abivuga ngo cashigikiwe na Saskatchewan mu mugambi wayo wo gufasha abanyabuhinga.

Iyindi nuko uwo muririmvyi bimaze kumenyekana ko azoba ari MontrealĀ  muri ico gihe, uwundi murundi w’urwaruka akora ibikora inka muri ico gihugu, Boris Evrard nawe yashimye kumutegurira ikindi giteramo aho azoba ari igenekerezo rya 1 ruheshi -6-.

Ivyo bikorwa vyose uko ari 2 bikaba vyateguwe kubera ishirwa ahabona ry’urukurikirane rwiwe rwa 3, ariko rukaba urwa 1 akoreye kuri uwo mugabane. Murirwo hakazokumvikana indirimbo zitari nke zirimwo iziri mu midiho nka Reggea, Rap, Hip Hophamwe na Afro Beat. Nayo Dave Lawlor akaba ariwe muhinyanyuzi yakoze ibishoshoka ngo ico gikorwa kigende neza.

http://indundi.com/audio/233286/umurundi-by-kaddy-simba

Igenekerezo rya 1 ruheshi, ukwinjira akazoba ari amafaranga 10 y’amanyacanada, ku buriro l’Escape (Escape Restaurent). Nayo igenekerezo rya 3 ruheshi akazoba ari kuri Balattou Club, naho ukwinjira akazoba ari amafaranga 15 y’amanya Canada.

5,457 total views, 0 views today

Tagged as: