Scroll to Top

Sat-b asigaye yakira abantu bavuye ku kibuga c’indege ca Bujumbura

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 24 Apr 2018 10:19 AM / /

Sat-b n’akanyamuneza kenshi, yamenyesheje ku rubuga rwiwe rwa Facebook ko asigaye yakira abantu bavuye ku kibuga c’indege  ca Bujumbura.

Ivyari indoto kuri bamwe, uno musi kuri Sat-b vyabaye ingiro. Ivyo tuvuga nugushirwa ku mpome n’ibindi bibanza amenyekanisha  amashirahamwe y’Ubudandaji.

Inyuma y’ugushira umukono ku masezerano y’ugukorana hagati yiwe na Smart Burundi, uwo muririmvyi ytanguye kuboneka mu bibanza bitari bimenyerewe gushirwamwo abaririmvyi ba hano iwacu.

Nkuko abishikiriza n’akanyamuneza kenshi, uvuye ku kibuga c’indege ca Bujumbura, ngo be na Smart Burundi bakwakirana akanyamuneza kenshi gose, bakumenyesha ko bafise ibiciro vyiza cane mu guhamagara.

Neza na neza kuri aeroport INterational De Bujumbura winjiye ugihugu uvuye za buraya Italy,France ,belgium , mu bihugu birenze cane nka U.S.A n’ahandi muri kw’isi mfadikanije na #Smartburundi turakwakirana urweze duti kaze iwacu !!! Kaze Iwacu !!!

Duti ” Apellez tout les reseau Au Meilleur Tarif Du Burundi “

#SmartBoy Smart Burundi
#makeGreatUrMusic Industrie.
Changing Everything

Mu kirimngo gito cane abishize ku rubuga rwiwe rwa Facebook, uwo muririmvyi akaba yaciye atangura gukezwa n’abakurikirana n’ibikorwa vyiwe baciye ku rubuga rwiwe rwa Facebook. Ariko hakaba hari n’abatabibonye neza bivanye na kamwe mu tujambo yacishijemwo.

13,503 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment