Scroll to Top

Irene Uwoya yakoze ibitari bimwitezweko

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 26 Apr 2018 07:00 AM / /

Bugingo abuze incuti yiwe ya hagufi, Masogange, uwo mukinyi w’amareresi yakoze ico atigeze akora abura uwahoze ari umugabo wiwe, Katauti.

Irene Uwoya benshi bazi nka Oprah yakoze ibitari bimwitezeko muri ino misi haheruka kwitaba Imana umwe mu bigeme b’abanya Tanzania basanzwe baja mu masanamu y’indirimbo z’abaririmvyi batandukanye muri ico gihugu, Masogange.

Uwo mutambukanyi w’umuririmvyi  Dogo Janja akunzwe muri Tanzania, akaba yaranabaye umutambukanyi w’umukinyi akomeye yarasigaye ari n’umumenyereza i Kigali mui rwanda, Katauti, yashize ku kuboko amazi y’uwo mwigeme aheruk akwitaba Imana.

Ico gikorwa yakoze, ibinyamakuru vyo muri kano karere bikaba bitaretse kugira ico bivuze, mu gihe ivyo ngo batigeze babibona abikora mu gihe uwahoze ari umugabo wiwe yitaba umuremyi.

 

Uwo mugore akaba  yavuze ko atigeze ababara aho bashirako ivyo vyandiko ku mubiri, aho ngo bikaba bitandukanye cane n’uko vyari biri igihe yashirako izindi nyandiko ku mubiri wiwe.

Mwomenya ko uwo mukobwa aheruak gusandaba, Masogange, amazina yiwe nyakuri ari Agnes Gerald nkuko ayo makuru dukesha ico kinyamakuru Amani abandanya abishikiriza.

 

13,524 total views, 0 views today

Add Comment