Scroll to Top

Juma Mossi : Bimwe mu vyaranze ubuzima bwiwe mu mugwi nserukiragihugu (Interview).

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 30 Apr 2018 05:51 AM / /

Juma Mossi n’umwe mu bakinyi b’intamba mu rugamba bakiniye  umugwi nserukiragihugu mu kiringo kitari gito, aba kizigenza wawo imyaka igera kuri 12 yose.

Kuri uno munsi abakunzi b’umupira w’amaguru  haba hano mu Burundi hamwe n’abandi barundi baba mu makungu barifuza kumenya iyo uyo yigeze kuba rurangiranwa mu bihugu nka Gabon, Belgique na Oman tutibagiye igihugu ca Dubai,  yoba ageze hamwe n’ico yoba ariko ararangura mu vyerekeye umupira w’amaguru hano mu Burundi.

Twaramwegereye muri ino minsi ari hano mu karuhuko, aho yari aje ava mu gihugu c’Ububiligi. Twatanguye    tumubaza uko yatanguye gukina ku rugero mpuzamakungu n’ibihugu bitandukanye yagiye aracamwo.

Ica kabiri yatuganiriyeko nivyerekeye impanuro yoha urwaruka rukiri ruto kugira rushike ku ntambwe yamaze gushikako.

Twanamubajije ivyerekeye imigambi ikomeye yifuza gushikako mu gufasha urwaruka, akaba yatubwiye ko yamaze gutangura gushira hamwe abana mu mugwi wa Espoir FC uri mu cicaro ca kabiri hano mu Burundi.

Ido n’ido ni muri kino kiganiro caguye twagiranye, mugashobora kuhumvira n’ibindi vyagiye biraranga ubuzima bwiwe cane cane mu mugwi nserukiragihugu

Juma Mossi akaba yaciye mu migwi igera kuri icumi harimwo  Vital’O FC- FC 105 Libreville
Jomo Cosmos  -Y.R. K.V. Mechelen  – Al-Nasr  -Al Ain – Al Ahli SC -Qatar SC – Dubai Club – K. Rupel Boom FC. Muri iyo migzi icumi yose akaba yahatsinze ibitsindo bigera ku 341.  Nayo mu mugwi nserukiragihugu yahatsinze ibitsindo 27  mu nkino 47.

17,450 total views, 0 views today

Add Comment