;
Scroll to Top

#diaspora | Kadja Nin yavuze ivy’ukuzoririmba mu mudiho wa Rap

By KING YANN COOL / Published on Monday, 30 Apr 2018 07:27 AM / No Comments / 782 views

Kadja Nin umudiho ashobora gusubira kuririmbamwo ata gihindutse ngo ni Rap, kandi abarundi ngo bamwitege igihe nicagera azosubira abaririmbire.

Mu gihe Jeanine azwi nka Kadja nin aheruka gutorwa ngo aje mu gitigiri c’abazotanga amanota mw’isabukuru ry’amareresi mu bufaransa -Festival de cannes-, uwo muririmvyikazi w’umurundi yabajijwe na Tv5 Monde ivy’ishirwa ryiwe muri ico kibanza kandi atigeze yinjira muvy’amareresi na rimwe.

Uwo munya Gitega ariko abarizwa muri kino gihe ku mugabane wa buraya, yavuze ko atarakwiye kubazwa ico kibazo ngo bari kukibaza abamushizemwo. Ariko akongerako ko yibaza ko yatowe kuko atigeze aba muri uwo mwuga, ngo ako niko kabirya yazanyemwo.

Uwo muvyeyi akaba kandi yanabwiye ico kinyamakuru c’abafaransa ko agiye no kumenyekanisha ayo mareresi nyafrika muri iryo sabukuru, nkuko yamye abikora mu kumenyekanisha umuziki nyafrika muri ivyo bihugu. Aho akaba yasa n’uwunganiye umumenyeshamakuru Dominique Tchimbakala yamubaza ko n’amareresi nyafrika nayo azoyavugira.

Yanabjijwe nimba yarahagaritse burundu kuririmba, Kadja Nin yishura ko bidakunda, ngo mu muziki bitebe bitebuke utegerezwa kugaruka. Mu kinyamakuru Journal du Cameroun, inkuru yasohotse igenekerezo rya 21-3-2018, Kadja nin yavuze ko ashobora kuzokora umudiho wa Rap, kandi ko azohindukirira gukorana n’urunganwe rushasha.

Mwokwibuka ko Kadja Nin kuva mu ntango z’umwaka wa 2000 atarasubira gushira ahabona urukurikirane na rumwe. Ariko akemerera abarundi ko igihe kigeze bazosubira kumubona aririmbira mu gihugu ciwe c’amavukiro.

22,389 total views, 0 views today

Tagged as: