Scroll to Top

Sangwe Armel muri kahise ka Basket Ball mu gihugu c’Urwanda.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 01 May 2018 03:08 AM / /

Umusore afise amamuko hano i wacu, akinira mu gihugu c’Urwanda mu mugwi wa Espoir BBC, yinjiye muri kahise ka Basket Ball, muri ico gihugu, inyuma y’ugutsinda amanota 40 mu rukino, akaba ata mu kinyi n’umwe yari bwabikore.

Hari mu rukino rwahuza Espoir BBC na UBG mw’ihiganwa ryo muri ico gihugu, Espoir ifashjwe na Sangwe Armel itsinda ku manota 95  kuri 75 ya UBG.

Ku myaka icumi n’icenda gusa, Sangwe Armel akaba adasiba kwerekana ko ari umwe mu bakinyi  b’abarundi bafise kazoza muri BasketBall muri kano karere. Uno musore yaramaze gutsinda amanota agera kuri 35 mu rukino rwabahuza na REG BBC, ari nayo iri imbere mw’ihiganwa rya BasketBall mu gihugu c’Urwanda.

 

Sangwe Armel akaba ata mugwi wo mu cicaro ca mbere hano mu Burundi yakiniye, atari Gymkana mu mwaka wa 2014, aho yatahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ry’icicaro ca kabiri. Kuva mwaka w’2015, yaciye aja kubandaniriza amashure muri ico gihugu, aho amaze kuba umukinyi mwiza yaranze inkino za FEASSA  zihuza amashure yisumbuye yigenjeje neza mu bihugu vyayo.

3,795 total views, 0 views today

Add Comment