Scroll to Top

Ubuhinga “Akiwacu” ngo bugiye gufasha abanyagihugu gukurikirana ibiganiro vya RTNB ku mpamagarakure zabo

By La Rédaction / Published on Tuesday, 01 May 2018 05:34 AM / /

Ubuhinga bwa none bwataziriwe “Akiwacu” bwaraye butangujwe n’ishirahamwe ry’ugutumatumanako amakuru Econet-Leo rifadikanije na radiyo na terevisiyo y’igihugu ngo bugiye gufasha abanyagihugu basanzwe bakoresha impamagarakure “smartphones” gushobora gukurikirana ibiganiro vya RTNB ku mpamagarakure zabo.

Kuri uyu wa mbere waraye uheze, igenekerezo rya 30 Ndamukiza umwaka w’2018, ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Econet-Leo rifadikanije na radiyo na terevisiyo y’igihugu RTNB ryaraye ritanguje ubuhinga bwa none ryise “Akiwacu” bugiye gufasha abanyagihugu basanzwe bakoresha impamagarakure “smartphones” gushobora gukurikirana ibiganiro vya RTNB ku mpamagarakure zabo.

Kubw’umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe Econet-Leo Nepias Njaravaza, ubwo buhinga ngo buje hageze na rirya muri bino bihe abarundi batari bake basanzwe barijukiye gukoresha impamagarakure zikoresha ubuhinga bwa none “Smartphones” bukazoheza rero bukabafasha gushobora kuza barakurikiranira hagufi ibiganiro vyose bica ku nsamirizi n’imboneshakure vy’igihugu aho bazoba bari hose.

Nayo Sarvator Nizigiyimana umuyobozi mukuru wa RTNB, ubwo buhinga ngo bwashitsweko bivanye n’ugukorana neza hagati y’iyo migwi ibiri bukazofasha rero abanyagihugu na canecane basanzwe baba mu duce turi kure y’umugwa mukuru w’igihugu.

Twobamenyesha ko mu kugira ngo ushobore gukoresha ubwo buhingwa bwa none bushasha “Akiwacu” ukoresheje smrtphone yawe ufyonda *405*9#.

5,116 total views, 0 views today

Add Comment