Scroll to Top

Bimwe mu vyaranze ihimbazwa ry’umusi mukuru w’abakozi n’akazi (Amasanamu)

By La Rédaction / Published on Tuesday, 01 May 2018 09:51 AM / /

Ku wa mbere Rusama uko umwaka utashe Uburundi burifadikanya n’isi yose mu guhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi.

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 1 Rusama umwaka w’2018, Uburundi n’abarundi bifadikanije n’isi yose mu guhimbaza umusi mukuru wahariwe abakozi n’akazi, umusi wahimbajwe neza mu gihugu cose uhereye mu gisagara ca Bujumbura no mu ntara zose zigize igihugu.

Abategetsi bakuru b’igihugu cacu bakaba bahimbarije uwo musi mukuru mu bibanza bitandukanye uhereye kuri kizigenza Perezida Petero Nkurunziza n’umutambukanyi wiwe bari bagiye guhimbariza uwo musi mukuru mu ntara ya Rutana, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo awuhimbariza mu gisagara ca Bujumbura nayo icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph Butore yifadikanya n’abenegihugu bo mu ntara ya Gitega mu guhimbaza uwo musi mukuru.

Muri rusangi umusi mukuru w’abakozi n’akazi ukaba witabwe n’abantu isinzi uhereye kuri Nyenicubahiro umukuru w’igihugu cacu Perezida Petero Nkurunziza, ivyegera vyiwe, abanyacubahiro batandukanye, abakozi ba Reta, abikorera utwabo hamwe n’abenegihugu.

Twobamenyesha ko mu duce dutandukanye twose twahimbarijwemwo uwo musi mukuru,  hambavu y’amajambo atandukanye, ibirori vyahabereye vyaranzwe n’ama defire y’akaroruhore aherekejwe n’indirimbo zitandukanye zijanye n’uwo musi.

12,543 total views, 0 views today

Add Comment