Scroll to Top

Umukuru w’igihugu c’Uburundi ahamagarira abarundi ku zirikana igihugu cabo

By Julien Barinzigo / Published on Tuesday, 01 May 2018 07:14 AM / /
Petero Nkurunziza:Umukuru w’igihugu c’Uburundi

Icivugo « Dukure  amaboko mu mpuzu duteze imbere igihugu cacu », naco kikaba cogera ku civugo nyamukuru tuzokwisunga gushika mu mpera z’umwaka w’2019 arico c’iki: «Tuzirikane igihugu cacu, tumenye iyo tuva n’iyo tuja’’.Aya ni amwe mu majambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza buca hahimbazwa umusi waharihe akazi n’abakozi, umusi wama uhimbazwa igenekerezo rya mbere Rusama uko umwaka utashe.

Mw’ijambo yashikiirije abarundi,yaramenyesheje ko Reta yimeje kwisunga inyabutatu igizwe na Reta, abakoresha n’abakozi. Iyo nyabutatu akavuga imaze gutera intambwe ishimishije.

Umukuru  w’igihugu Petero Nkurunziza ati: ‘’Muri uyu mwaka w’2018, Reta yarategekanije uburyo bwo gutanga ubuzi burenga 1.600 mu bushikiranganji bw’indero, ubw’akazi, ubw’iterambere ry’amakomine n’ubw’amagara y’abantu, tutibagiye gusubiriza abakukurutse, abitavye Imana n’abashimye gukinjura

Mu bijanye n’ukuronswa akazi nyene yaratanze akarorero k’ubushikiranganji bujejwe amasoko ntanganguvu ubutare n’agataka bwaronkeje akazi barenga 2.500 baronse akazi mu gisata c’ubutare nako ubujejwe ibikorwa vya Reta haronkejwe akazi abashika 5.000 mu gisata c’ amabarabara.

Yarayishimiye abarundi bitanze nka ‘’Birumushahu Jean-Claude, umuhagirikizi w’inkino rurangiranwa yatowe mu bazohagarikira inkino zo guharanira igikombe c’isi mu mupira w’amaguru zizobera mu gihugu c’Uburusiya muri uyu mwaka, umupfasoni Nsekera Lydia, agira kabiri mu bakenyezi bo kw’isi yose bateza imbere inkino, Biribuze Eric, Umurundi yaronse agashimwe gahabwa umwirabure wa mbere w’umuhinga muri Reta zunze ubumwe za Amerika, hamwe na Niyonsaba Francine adahengeshanya gutera iteka Uburundi mu mahiganwa mpuzamakungu yo gusiganwa’’.

Mu bintu  yasavye abarundi harimwo kwirinda insaku, ibihuha, urwanko n’inzigo ku kazi,kuzirikane igihugu cabo kugira babere imboneza nyazo abarundi benewabo bataronse amahirwe yo kumenya vyinshi, kumbure bidatewe n’ubwenge buke ariko bivuye ku mahirwe make yo kutaja mu mashure no kutaronka akazi ngo babonereho kurahura ubuhinga n’ubumenyi.

Yarashimiye ikigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi kuko ‘’cakoze neza cane mu mezi atatu ya mbere y’umwaka w’2018 mu kwinjiza mu kigega ca Reta imiriyaridi zisaga 212 ku miriyaridi 190 zari zitezwe, hakaba harenzeko imiriyaridi zishika 22’’gutyo  harengako ibice 12% ku yari yitezwe.

Ku bijanye n’amatora yategekanijwe kuwa 17 rusama, umukuru w’igihgu agira ati :’’Muze rero musidukane n’iyonka ku wa 17 Rusama uno mwaka, umwe wese atore ikiri ku mutima’’. Ivyo akabivuga mu gihe hari abagisha ko uwo hirahira agatora ayo yokwibonerako.Akarorero ka hafi ni Merikiyade Nzopfabarushe yinjiye impimba kuri uyu wa gatandatu, kuri uyu wa mbere naho acirigwa urubanza rwikibiriraho umunyororo w’imyaka itatu yagiriza gushikiriza amajambo aganishamwo abantu. Ayo nayo akaba yayashikirije mu Kabezi kw’igenekerezo rya 15 ndamukiza.

 

 

5,684 total views, 0 views today

Add Comment