Scroll to Top

#Urwevu| Akase umugaga ntibafurira!

By Indundi Staff / Published on Tuesday, 01 May 2018 13:39 PM / /
Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Ntukihutire gutora utunenge uwundi muntu wibaza ngo eh Mama nibwo buryo bw’ukumugorora. Uramenya ko umuntu ahanini agizwe n’ibishobisho. Abahinga bamenyesha ko  umuntu aha nini muvyo akora vyinshi biba bivuye mu bishobisho( émotions). Ivyo umuntu yakoze vyose, vyaba bibi canke vyiza , kuri we haba hariho imvo ifatiye ku bishobisho yabimutumye.

Nayo nawe rero ukaza utazambaye, ugashaka gukoresha ubwenge bwawe maze ugahagarara kw’isonga ry’inzu ngo “reka murihurira!” Kuvy’ukuri, nawe wewe nyene ntawovuga ngo uri mu makosa yamara haba hari ivyagucitse. Uba wibagiye y’uko wewe mu gukora bino na biriya aba yabitewe n’akari ku mutima. Abasokuru barayamaze bati” Agatima ka muntu niko kami kiwe”.

Abahinga batumenyesha ko hagati y’ubushake buciye mu bwenge ( Volonté), n’ukwiyumvira biciye mu mpwemu( Imagination) hama hatsinda ibiciye mu mpwemu( Imagination) . Nico gituma rero kenshi mbere dusanga twakoze ibidahuye n’ubushake bw’ivyo twabonesha amaso ko ari ukuri yamara tugasanga twakoze ivyo twiyumvira kur’ivyo bose bita ukuri. Umwe wese afise uko afata ivyitwa ukuri.

Mu kiringo rero ubonye umuntu akoze ikintu  wobona kitabereye ijisho, urabanza nyabuna ugifate nk’ikimuri kikumurikiye ku bijanye n’ibishoboka( émotions)  vyoba bijanye n’ukwiyumvira kwiwe guciye mu mpwemu( imagination).

Hariho ubudasa hagati y’ivyo abantu bose bahurijeko kuba ukuri hamwe n’ivyo buri muntu wese avyiyumvirako bifatiye ku nkingi zubatswe n’ivyo yaciyemwo.

Umuntu wese arafise uko abona ibintu bifatiye ku nkingi zishigikiye ukwemera kwiwe. Abasokuru barayamaze bati ” Akari mu nda y’Ingoma kamenywa n’uwayikanye”. None aho yayikana niho wari? Ugashaka gufasha umuntu ntukihutire kumucira urubanza. Urabanza witonde utohoze. Ntakabura imvo. Inyifato nayo yiwe ntikagutere amakenga kuko ” Ibuye riserutse ntiryica isuka” kandi “akase umugaga ntibafurira”.

Ca urwevu mu mibano! “Ubuza isake kubika , ntuyibuza ico ibitse”. Barayamaze.

 

16,854 total views, 0 views today

Add Comment