Scroll to Top

#Urwevu| Ku nzira ija kw’isonga: Haguruka uje ku rugendo woye kudutevya!

By Indundi Staff / Published on Wednesday, 02 May 2018 04:51 AM / /

Ugushika kw’isonga ry’aho wifuza gushika bizogusaba ibintu bitari bike, ibintu vyishi ahanini bifatiye ku nyifato. Si ukunoba! Bizogusaba kwama wiha indero, ivyo navyo ukazobifashwa n’ukubanza ukaba warafasha akanya gakwiye ukwihweza wewe nyene uko uteye, inguvu be n’intege nke ufise.

Nkuko abahinga badasiba kubivuga, burya ngo umuntu ataravye neza ahanini ahengamiye kukurondera ukworoherwa. Ico nico gituma mu kiringo udaciye urwevu ngo utangure intambara y’ukurwana na wewe nyene, bizoheza bikakubuza gutera intambwe. Ico kandi nico gituma abantu benshi badashika kure, kuko beshi bararunguruka isonga ry’umusozi uko rireha maze bagahitamwo guca bihuta kwibwira ngo eka data ivyo si ivyanje.

Mu kabande hari ubwoko butatu bw’abantu. Aba mbere kandi aribo beshi ni abibaza ko bashitse, maze bakaniganira kurondera uko bokwigumira mu kabande, bamwe biyita “Nikondeha”. Abo nta n’imisozi babona, babona mu kabande, mu biyaya aho biryamiye ntakindi.

Aba kabiri ni bake ufatiye kuri abo bambere. Bobo bararaba bakabona ko hari imisozi y’ukwurira, eka mbere bakabona ko boyurira kandi bakabona ko boshika ku masonga yamara, kubera ya kamereremere ka muntu k’ukwikorera ivyoroshe gusa, bagahereza kwama bahigimangira aho bari, maze bagaca baronka ikintu kibafasha kurarama citwa” Umusi umwe nzobikora”. Uwo musi kenshi uruhira kuba uwabihora gutyo! Abahinga bamenyesha ko abantu atari bake bazi ivyo boshobora gushikako kandi babona igiciro boshobora kuriha yamara bikanka ko bariha, bagaca bama barondera ivyitwazo.

Ubwoko bwa gatatu ari babunyuma ni abo twokwita abahizi. Ni bamwe aho bashitse hose uko bukeye uko bwije baguma bibaza bati “none nta haruta aha noshika”. Ni bamwe bamana ihangiro ryo ku musozi bifuza gushikako. Ni bamwe baciye urwevu bakamenya ko principe y’ubuzima ari ugukura. Ni bamwe bamaze gufata isanamu y’ico bazoba mu myaka hagati ya 5 na 10 maze bakemera kuriha igiciro bizobasaba kugira bahashike.

Abo banyuma nibo twifuza ko wobamwo. Utabigize iyo myaka uvyanka uzoza ubona iheze ucibereye wawundi nyene, wicuze uti mbega iyo nkurikiza ibi vyiyumviro eka mbere nkarondera ibitabo vy’abahinga bakomeye banditse bijanye na succès nkabisoma mba nabaye iki?

 

12,840 total views, 0 views today

Add Comment