Scroll to Top

#Urwevu| Ku nzira ija kw’isonga: Hano akarorero k’uburyo wokoresha

By Indundi Staff / Published on Wednesday, 02 May 2018 05:32 AM / /

 

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Kumbure ko usanzwe ukora mw’ishirahamwe rimwe hano iwacu, dufate nk’ishirahamwe ry’ubwishingizi( Assurance). Dufate uno musi ko ufashe ingingo y’uko mu myaka cumi uzoba ufise ishirahamwe ry’ubwishingizi ari wewe nyene ryo, uriganza.

Guhera uno musi  kazi uzogatondako nk’uwugiye kwiga. Bizogufasha kugakora ugakunda kuko bizoba bisa nk’uko ahubwo uriko urahembwa wiga mu kiringo abandi bariha amafaranga ngo bige amashure.

Kugira rero ushobore kuronka ingoga y’ukuzoshobora gushika kuri vyo, ica mbere usabwe ni ukubishaka cane. Kugira ntudebukirwe abahinga baca baguhanura kurondera isanamu ijanye n’uko uzoba uri muri ico gihe wamaze kuba umutegetsi w’umutunzi. Mu kiringo urose akanya, woheza ugakora ibikurikira:

Icara ahantu hatekanye. Wihe iminota ishika 30. Humiriza. Rondera  kwibona uri mu vyawe, ukuntu hagutse, intebe ziriyo, eka urabe isanamu ibereye ubutegetsi.  Urashobora kubona umu secretaire wawe akuzaniye ibitabo, urashobora kubona icubahiro uzoba ufise , urashobora kwibona uriko urakoresha Inama abakozi, urashobora kwibona usohotse imodoka izimvye uzogenderamwo, urashobora kubona abantu muzoba muteramana bo ku rwego rwo hejuru..; urashobora kubona inzu uzoba ubamwo ukuntu izoba iteye igomwe…, n’ibindi n’ibindi.

Impanuro: Ico gikorwa gikwiye kuba misi yose. Bizofata umwanya munini kugira ka gatimatima kawe ko mu bwonko gatangure kwemera ivyo uriko uragasaba maze bukebuke uze utebe ubone isanamu wifuza neza, nka kurya kwo mu ndoto. Ivyo bimaze kuba, uzobona ibitangaza. Ibintu vyose bizokwikwega biza bitumbera kugushikana kuri iyo sanamu.

Tangura uwu musi ufatiye aho ukora hose, mu gufata ko ukubona wemeye gukorera abandi ar’ukugira wige uko nawe uzokoresha abandi. Bizogufasha cane

.

12,705 total views, 0 views today

Add Comment