Scroll to Top

#Urwevu| Abasomyi ba cane b’inzoga muraraba neza uruhigi ntirube rwaramaze guhindukira.

By Indundi Staff / Published on Wednesday, 02 May 2018 16:05 PM / /

“Mu kwizera kwacu ko wamaze gushinga ihangiro ry’ico uzoba uri mu myaka iri hagati ya 5 na 10 iri imbere, shikira zino mpanuro! Ukaba utarahaguruka naho,  ca urwevu uhaguruke. Ntawushika iyo atagiye kandi ntawugenda iy’adashika. Uwugenda iy’atazi nawe nyene arashika. Iyo atazi.”

Muri ya ntumbero y’ugukomeza urugendo tuganira, hano, twoza turahana ivyiyumviro, bizodufasha gushika kw’isonga . Kimwe rero dufatiye nka hano iwacu, mu nzitizi dushobora guhura nazo ni uyu mugenzo wavuye muri ba Sokuru w’ugusoma urukanwa. Koko, ngo ubunyegeri buyagira kw’igufa.

Yamara rero ukaba wafashe iyi nzira kandi uri umusomyi w’urukanwa cane, bizohava bikubera inzitizi. Raba namwe. Nko ku bagize amahirwe benshi bakaba bafise akazi, kenshi bahengera batashe guhera sa kumi nimwe maze bagaca bahurira mu kabare bagaterama. Hariho abaheza bagataha kari nk’imbere ya satatu, nayo abandi bagataha mbere hafi ya sasita y’ijoro.

Nkuko tubisanga mu gitabo canditswe n’uwitwa BRIAN TRACY ( The power of self discipline) , ngo kugira  umuntu abe umhinga( Expert) mu vyo yahisemwo kwiga kugira ashike kw’isonga bisaba amasaha angana 10.000 ( Dix milles heures).

N’ukuvuga rero mu kiringo warose amahirwe y’ukuba ufise akazi, ayo masaha woheza ukayakura muri ya masaha nyene y’inyuma y’akazi. Umusi ugizwe n’amasaha 24. Amasaha y’ugukora angana n’umunani, ko uba usigaranye amasaha 16 y’ukwitegurira kuja kw’isonga.

Abahinga bamenyesha ko umuntu akuze akeneye amasaha n’imiburiburi atari musi y’atandatu kugira ashobora kuruhuka neza asinziriye. N’ukuvuga ko uba usigaje amasaha 10 rero, ushobora gukoramwo sport, kwigisha abana, ukuramutsa abagenzi hamwe rero n’ukuja kw’isonga.

Iyo rero umuntu aciye abanza guca kwa ntuzeye agafata agacupa, kenshi bica bigorana. Aho bigoreye nuko isuka dufise ari ubwonko bwacu. Nzoga nawe niho nyene aca aja kwarika.  Iyo umaze kwinjiza inzoga mu kanwa ntuba ukibaye wa wundi. Kenshi na kenshi uca udyoherwa n’ikiyago mbere ugasanga uruhiye gutaha urushe.

Ushitse, ugafungura( nimba utaba wafunguye mu kabare) kenshi uca uryama. Kubera akayoga nyene , kenshi uraheza ukazovyuka utevye ku buryo utohava ngo uzinduke uze kugira ico ukora. Kenshi uca witegura ugasubira ku kazi kuko koko kubera akamenyero kaba karabaye nka automatic nta nguvu nyishi ubwonko bukoresha.

None wa myanya w’ukuja kw’isonga uzowukura hehe? Umuhinga n’uwuzi kwigerera maze akaronka umwanya wa kira kintu cose. Aha uwusoma urwarwa wese yoza aribaza ati ” Mbega ni je nwa nzoga, canke  Nzoga  niwe anwa jewe”? Utaravue

Urashobora gusanga uruhigi rwarahindukiye, vyarahotoye ntiwabimenya!

Ca urwevu!

 

7,566 total views, 0 views today

Add Comment