Scroll to Top

# Urwevu| Umuhinga w’ugusaba ni uwuzi gutanga.

By Indundi Staff / Published on Wednesday, 02 May 2018 16:50 PM / /
Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Ibijanye vyose n’ubwenge bw’ukubana n’abantu bifatiye ku kumenya uk umuntu muri kameremere yiwe asanzwe aremwe. Abahinga bamenyesha ko burya umuntu wese kugira hagire ico akoze , imbere yaco haba hariho imvo ijanye n’uko yobonamwo inyungu ino canke iriya.

Ivyo hari abatovyemera kandi yamara ari ukuri. Abantu benshi barakora ibintu yamara ntibafate akanya k’ukumenya igituma babikoze. Umugani abasokuru baciye ujanye na kuno kuri n’uko ” Ata kabura imvo”.

Umaze guca urwevu ukamenya ukwo kuri, bica bikworohera cane. Ugasanga har’ico ukeneye kwa naka, ntuzokwihutira kubanda ijisho cane kuco umwifuzako. Banza nyabuna wicare wiyumvire ibintu, umwihweje vyoshoboka ko yoba akeneye. Kumbure data arafise ayo mafaranga ubona ko ariyo ahanze benshi. Yamara ha mbavu y’ivyo kumbure nta n’agatiro afise. Kumbera ntaronka uwumutera inkuru. Kumbure…

Wewe rero ugasanga woba umukeneyeko ayo mafaranga, ntukajinyikire ku buryo woronka ayo mafaranga. Urajinyikira ku kuntu wokwiga neeeza ivyo yoba akeneye yamara ataronka, maze uheze wige uko wobimurosa , kuko nawe ushobora gusanga hari ivyo ufise adafise.

ushobora gusanga afise ayo mafaranga, kumbure yamara  afise inyota y’ukwerekwa ko ari igihangange ( Praise and recognition)  ko akomeye cane. Kumbure ntababimufasha. Muri ico gihe uraheza rero ukicara ukiyumvira ukwo wobimufasha.

Amaze kubona ko uriko uramufasha kuronka ivyo yifuza( nimba utazoba wavyihenzeko kuko bisaba ubwenge n’umwihwezo ukwiye) nawe azoheza yihutire kubona ko hari ivyo afise yoguha naho utobimusaba.

Benshi barasaba ntibaronke kuko basaba nabi…

Nk’akarorero abantu benshi mu kuja gusaba akazi , baratondeeeeka amashure biza n’amadipolome barose bibaza ngo eh Mama nivyo vyobafasha. Uramenya ko urya yatangaje ko afise akazi yipfuza uwomufasha. Gutyo uzoheza ufate akanya nyabuna ubanze wige cane uko womufasha ufatiye ku buhinga wemera ko ufise. Gutyo, uzoheza urenguke imbere yiwe ku musi wa “interview” ahagaze neza, nk’umuntu yagiye gufasha, atagiye gusaba. Uzoheza umwereke uko womufasha. Burya niwe aba agukeneye kurusha, aba afise gusa ubwoba ko atohava asanga ahisemwo uwutazomufasha.

Ugutanga niko kuronka. Kandi iyi ni ingingo ntabanduka( principe) y’ugufata nkama.

Vyokubera vyiza wamanye hafi  urutonde rw’ivyo ubona wotanga imbere y’urwo ivyo wewe wifuza.

9,127 total views, 0 views today

Add Comment