Scroll to Top

#Urwevu| Hano menya igituma nyamukuru umuntu ashobora kukurosa ivyo wifuza

By Indundi Staff / Published on Thursday, 03 May 2018 03:09 AM / /

 

Muri ya ntumbero y’ukuza turacishanya urwevu muri kino kiyago turiko tugira ku nzira ishika kw’isonga, twasanze ari nkenerwa ko tuza kandi turaganira ibijanye na kameremere y’umuntu mu bijanye n’ibituma umuntu yikangurira gukora bino na biriya. Muti guki?

Nkuko tubisanga mu gitabo canditswe na “Dalle Carnegie” ” Comment se faire des Amis”, burya ngo ugukira k’umuntu gufatiye ku bice 85% ku bushobozi aba afise bw’ukugira imigenderanire myiza n’abandi bantu. Ntiwibaze rero ngo abantu bazoguhurumbira ngo n’uko wize amashure meeeshi nimba yamara ubabona ugahekenya imisaya nk’inka ihekenya ishinge.

Hano rero, burya ngo igituma umuntu ashobora kugira ico agufashiije ntibiba bije gutyo gusa. Umuntu ubonye agutumbereye ngo aha nini n’uko haba hari ikintu nawe akuronderako. Ico kintu gishobora mbere muri ako kanya kitari mu mutwe wiwe mu buryo bw’ubwenge( consciemment) ariko kikaba kiriyo mu buryo bw’impwemu.

Uwo kenshi ngo n’uko aba yumva yoheza akagubwa neza mu kiringo yoba agufashije ivyo wifuza. Eka mbere ngo ntaba yumva yogubwa neza gusa n’uko agufashije muri ico gihe, ahubwo kandi ngo aba yumva yogubwa neza agufashije muri ico gihe kurusha aho yoba afashije uwundi muntu atari wewe, canke ata n’umwe mbere afashije.

Umuntu umusavye ikintu ashobora gutanga aba afise guhitamwo ibintu bitatu: Kugiha wewe; kugiha uwundi canke kutagiha n’umwe.

Ubuhinga bwawe n’ubwo rero kumenya inyifato yose ishoboka wogira kugira umwemeze mu buryo bw’impwemu ko vyomubera vyiza cane mu kiringo yoba ari wewe yoba ahaye nya kintu. Aha abahinga bavuga mu buryo bw’impwemu n’uko basanze ahanini abantu bafata ingingo bafatiye ku bishobisho( émotions)  bibarimwo

Aha dufatiye nko ku mafaranga, mwame mwibuka ko burya mu vyiyumviro vya muntu ari gake acishamwo kwibona ariko atanga amahera. Iciyumviro ca hafi n’ic’ukuyinjiza , atari ukuyasohora. Ukuyamukurako, ni ukumugora. Ni ukumuhata. Nico gituma yogubwa neza ushoboye kumwereka ko hari inyungu nawe yoronka nk’iyiza gusubirira ayo mahera.

Heza rero uce ukoresha bino vyiyumviro mu bisata binyuranye vy’ubuzima urimwo, uhereye ku mibano.

NTA KERA KA GUSA!

12,927 total views, 0 views today

Add Comment