Scroll to Top

#Urwevu| Hano ubundi buhinga bw’ukurondera iterambere uciye mu bwonko bwawe.

By Indundi Staff / Published on Thursday, 03 May 2018 03:34 AM / /
Isanamu ngereranyo y’umuteka mutwe

Intumbero ya runo rwevu n’iy’ukugira urondere mu mutwe inyishu z’ibibazo vyawe ukoresheje ubuhinga abahinga hirya no hino bahurizako uhereye ku mwanditsi Brian Tracy hamwe rero n’abo twari twavuze Mark Victor Hansen hamwe na Robert G.Allen.

Ukaba ufise rero ikibazo kiguhanze udashoka ubona uko uri butore inyishu, ntugire ngo ntanyishu ufise. Burya inyishu irahari yinyegeje mu bwonko bwawe. Ubu buhinga rero n’ukugira ucukure utore inyishu yawe aho inyegeje ari naco gituma babwita ” brainstorming” mu rurimi rw’icongereza.

Tora urupapuro, wandike hejuru ikibazo nya mukuru ufise, uce rero wiha discipline y’ugutanga inyishu zishika 30 z’uburyo wotorera inyishu ico kibazo. Ntutinye kwandika ibikuje mu mutwe vyose, kuko nico gituma uhawe kwandika inyishu 30 kugira ushobore kwidagadura.

Ivyo rero, ngo wihe kwama uzokwama ubikora buri gitondo uvyutse, maze wandika italiki y’uwo musi uhejeje uce ubika urwo rupapuro. Usubiye kwandika ntuzobanze kuraba ivyo wari wanditse, kandi ntuzotinye gusubiramwo ivyo wanditse( yamara utabanje kuraba) .

Urabikora utyo. Uzotangara! Hama uzoheze utange “témoignages aha musi kugira dufatane mu nda mu runo rwevu rw’uguhindura kazoza duciye muri twebwe nyene.

15,288 total views, 0 views today

Add Comment