Scroll to Top

Akarusho kubagendesha amapikipiki mu gihe baguze igitoro bakoresheje ubuhinga bwa none “Bancobu_mcash”

By La Rédaction / Published on Friday, 04 May 2018 02:46 AM / /

Haraciye igihe ibanki Bancobu ishize ahabona ubuhinga bwa none bw’ukuriha ibintu bitandukanye umuntu atarinze kuja gukura amafaranga yiwe kuri konte bwiswe “Bancobu_mcash.

Muri ino misi, ubwo buhinga bukaba bufitiye akarusho kadasanzwe abasanzwe bagendesha amapikpiki mu gihe baba babukoresheje mu kuriha igitoro baba baguze kuri amwamwe mu masitasiyo asanzwe anywesha igitoro.

Ako karusho n’ako si akandi ni uko mu gihe uwugendesha ipikipiki aguze igitoro kingana n’amaritiro atandatu kuri ayo masitasiyo akoresheje ubwo buhinga bwa Bancobu_mcash, araheza akaronswa iritiro imwe yo ku buntu.

Ayo masitasiyo atanga ako karusho akaba ari sitasiyo BUPP iri kw’isoko kwa Siyoni mu gisagara ca Bujumbura, Sitasiyo Dalla Petrol iri muri karitiye ya Ngagara, sitasiyo Sadica hamwe na sitasiyo Mogas ziri mu Kigobe hepfo gato ya Lycée SOS.

Twobibutsa ko ico gikorwa c’ugutanga akarusho ku bantu basanzwe bagendesha amapikipiki kiza caramaze gutangura kuri ayo ma sitasiyo twabamenyesheje aho hejuru, kikazorangira ku musi w’Imana uza igenekerezo rya 6 Rusama uwu mwaka, kigakorwa guhera igihe c’isaha zitatu zo mu gatondo gushika igihe c’isaha icumi z’umuhingamo.

2,588 total views, 0 views today

Add Comment