Scroll to Top

Ngozi: Ihiganwa ry’ugusiganwa ku miduga mu mpera z’ino ndwi.

By Alain Muhirwe / Published on Friday, 04 May 2018 23:52 PM / /

Mu ntara ya Ngozi kuva kuri uno wa gatandatu no ku munsi w’Imana (5 na 6 Rusama),  hazoba hariko harabera ihiganwa ry’ugusiganwa ku miduga, ihiganwa ryitiriwe Rallye de Ngozi. Iryo higanwa rikaba ritegekanijwe kubera mu kiyaya ca Vyegwa.

Imigwi igera kuri 12 niyo igiye guhiganwa kugira ngo ihiganirwe ikibanza ca mbere, iyo migwi nayo ikaba ari:

  1. Momo Rally Team igizwe na Mohamad Roshanali na Hassan Alli bakoresha imodoka yo mu bwoko bwa Subaru Impresa.
  2. Bukera Rallye Team igizwe na Bukera Valery hamwe na Nital Ketia bakoresha imodoka yo mu bwoko bwa Subaru Impreza.
  3. Gianca Rallye Team igizwe na Davite Giancarlo hamwe na Sylvia Vindevoger bafise imodoka yo mu bwoko bwa Mistubishi Evo
  4. Auto Paint Rally Team igizwe na Massouud Fahid na Maceri Diaz bafise imodoka yo mu bwoko bwa Subaru Impreza.
  5. Nadir Rally Team igizwe na Zafar Nadir hamwe na Deventiam Zafir bakoresha imodoka yo mu bwoko bwa Peugeot 206
  6. Awan Din Rally Team igizwe na AWANDIN ITIAZ ari kumwe na Bigirimana Christophe bagakoresha imodoka yo mu bwoko bwa Toyota Avansis.
  7. Loveco Tour Rally Team  igizwe na Remezo Christian na Gahuragiza Jean Marie bakoresha imodoka yo mu bwoko bwa Toyota Cerica
  8. AWAN DIN TEAM igizwe na Awan Din Ilias na Awan Din Zia bafise imodoka yo mu bwoko bwa Toyota Glanza
  9. Pierrot Rally Team igizwe na Santana Pierrot hamwe na Ntahomvukiye Alain bafie imodoka yo mu bwoko bwa Toyota Sprinter
  10. Nsimbabisaka  Rally Team igizwe na Uwamahoro Desire Aimable hamwe na Harerimana Jackson bafise imodoka yo mu bwoko bwa Buggie
  11. Mayaka Rally Team Mayaka igizwe na Mayaka Julien na Niyonkuru Blandine bakoresha imodoka ya Peugeot 205
  12. Momo LOVECO Rally Team igizwe na Njeneza Bianca na Ntwari Blaise Loic  n’imodoka ya Toyota Curen .

Ihiganwa nk’iryo rikaba ryaheruka kubera mu ntara ya Ngozi mu mwaka wa 2014, mu kiyaya ca Vyegwa

10,347 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment