Scroll to Top

Arakaza Arthur: “Dufise inyota y’amanota atatu kuri buri rukino”.

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 05 May 2018 00:20 AM / /

Mu gihe ihigawa ryo mu gihugu ca Kenya rigeze ku nkino 13 z’ihiganwa, umugwi wa Kakamega HomeBoyz ukinamwo umukinyi w’umunyegoli Arakaza  Mac Arthur uri mu kibanza ca 13.

Aganira na kimwe mu binyamakuru vyo mu gihugu ca Kenya Soka.co.ke, Arakaza yamenesheje ko buri mukinyi  wa HomeBoyz yifuza gutahukana amanota atatu kuri buri rukino kugira ngo barabe ko bashobora kuva muri ico kibanza.

”Right now everyone here is hungry for the three points so that we rise from where we are on the log. Kariobangi Sharks are a good team and we respect them. We expect a good game on our side and hope that God be with us.”

Muri kino gihe buri mu kinyi wese anyotewe amanota atatu, twifuza kuduga tukava mu kibanza turimwo. Kariobangi n’umugwi mwiza kandi turawubaha cane, rero twiteze urukino rwiza ku ruhande rwacu, twibaza ko Imana izotuba hafi.” Ayo n’amajambo ya Arakaza.

Inkino zibiri zikurikira Kakamega Homeboyz ukaba ukina kuri uno  wa gatandatu na Sony Sugar, mu ndwi iza naho ikazoba ifise urukino rukomeye cane, aho izokina na Gormahia ya Karim Makenzi ku munsi wa gatatu w’indwi iza.

 

10,912 total views, 0 views today

Add Comment