Scroll to Top

Diamond League 2018 : Antoine Gakeme mu kibanza c’indwi

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 07 May 2018 11:46 AM / /

Ku munsi wa gatanu w’indwi iheze, mu gisagara ca Doha mu gihugu ca Quatar, niho hatangura amahiganwa  ya Diamond League. Umunonotsi w’umurundi Antoine Gakeme akaba nawe yari yashitse muri ayo mahiganwa mu kwiruka ku metero amajana umunani (800m).

Mu banonotsi bagera kuri icumi bari bitavye ayo mahiganwa, Antoine Gakeme yafashe ikibanza c’indwi n’umwanya ungana n’umunota n’amasegunda mirongo ine n’indwi n’ivyijana mirongo ibiri na bitanu ( 1’47″25″‘).

Abasore bagera kuri batatu b’abanyakenya nibo batwaye ibibanza bitatu vya mbere batahukana imidali itatu.

Ano mahiganwa akaba agiye kubandanya gushika mu kwezi kwa Myandagaro aho bazoca mu bisagara bitandukanye kw’isi.

Ihiganwa rikurikira rikaba ritegekanijwe muri ino ndwi ku wa gatandatu w’igenekerezo rya 13 Rusama, mu gisagara ca Shangai mu gihugu c’Ubushinwa.

6,882 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment