Scroll to Top

Abigenjeje neza mu gikombe c’Umukuru w’igihugu baraye bagabanye.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 07 May 2018 14:11 PM / /

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yaraye agabiye inka imigwi yigenjeje neza mu gikombe ca mwitiriwe mu rukino rwa Basket Ball c’umwaka wa 2017.

Nk’uko yari yarabishikirije mu birori  vy’ukurangiza iryo higanwa mu ntango z’ukwezi kwa Nzero ku kibuga citiriwe Urukundo mu ntara ya Ngozi, aho iruhande y’ugutanga ubushimwe butandukanye n’ibikombe, Nyenicubahiro umukuru w’igihugu yongeye yemerera gutanga inka kuri buri mugwi washitse mu gice ca kabiri gishira icanyuma haba ku bigeme no ku basore.

Kuri uno wa gatandatu, twaraye turangije, inkoko yabaye ingoma ku barongoye imigwi nka Gymkana,New Look Team y’i Bururi, Young Eagles yo mu ntara ya Gitega, Target Intamenwa yo mu ntara ya Ngozi, aho ni mu basore. Mu bigeme, Berco Stars, Les Gazelles, Aigle Noir BBC, Young Sisters yo mu ntara ya Ngozi.  Bakaba bari baje kugabana izo nka bemerewe.

Kubw’uwaserukiye abagabanye izo nka, Bulamatari w’intara ya  Bururi, yarashimye cane ingabire, yemeza mbere ko bagiye kuzibungabunga ariko ahanini bafata mu mugongo, urwaruka rwabafashije kuronka izo ngabire.

Ijambo nyamukuru rero ryabaye iry’Umukuru w’igihugu, yasavye abagabanye gufata neza izo ngabire, yemeza ko agiye kubandanya afata mu mugongo ico gikombe. Yongeye anasaba ko ku ncuro ya kabiri kino gimbe co tegurwa mu kiringo co mu ci, bigatuma urwaruka rwose rwitabira ruri mu buruhuko.

Uyundi yashoboye kugabana inka n’umwe mu bitanze cane kugira ngo ihiganwa rya mbere rigende neza, anaserukiye akanama kateguye ico gikombe, akaba ari umushingamateka Jean Jacques Nyenimigabo.

Tukabibutsa ko ico gikombe c’umukuru w’igihugu catahukanywe na Gymkana ku ruhande rw’abagabo hamwe na Berco Stars ku ruhande rw’abigeme.

 

8,457 total views, 0 views today

Add Comment