Scroll to Top

Igikorwa c’ugutanga amakarata y’amatora ngo kizotangura ejo aho bukera

By La Rédaction / Published on Tuesday, 08 May 2018 10:44 AM / /

Igikorwa kijanye n’ugutanga amakarata y’ugutora ku banyagihugu mu matora yimirije yo kuwa 17 Rusama uwu mwaka yo kwemeza canke guhakana integuro y’ibwirizwa nshingiro ngo kigiye gutangura guhera ejo aho bukera giheze kimare imisi ine.

Nk’uko bishikirizwa n’umugwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI mu mpfunyapfunyo y’ikinyamazuru, igikorwa kijanye n’ugutanga amakarata y’ugutora ku banyagihugu mu matora yimirije yo kuwa 17 Rusama uwu mwaka yo kwemeza canke guhakana impinyanyuro y’ibwirizwa nshingiro ngo kigiye gutangura guhera ejo aho bukera igenekerezo rya 9 Rusama giheze kibandanye gushika kuw’Imana uza igenekerezo rya 13 Rusama uwu mwaka.

Twokwibutsa ko nk’uko uwo mugwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI waheruka kubishikiriza mw’itangazo washize ahabona kuwa 3 Rusama uwu mwaka, ico gikorwa ngo gitegekanijwe kuzobera mu bibanza bitandukanye abanyagihugu biyandikishirimwo kikazoba gihagarikiwe n’imigwi y’igihugu ijejwe  gutegura amatora mu ntara no mu makomine CEPI na CECI.

Ico gikorwa kikazohora gitangura guhera igihe c’isaha imwe n’igice zo mu gatondo giheze kirangire igihe c’isaha icumi n’imwe n’igice z’umugoroba.

13,103 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment