Scroll to Top

Black G aratanga umuco ku bivurwa ko yakomeretse ahowe umukobwa

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 09 May 2018 05:47 AM / /

Havuzwe ibitari bike ku gukomereka, akava amaraso menshi vyabaye ku muririmvyi Black g, ariko nawe atanga insiguro zindi zitandukanye n’ivyabandi bavuze.

Abavuga ko Black G ikibazo yagize ukuboko kugakomereka cane ngo vyoba vyakomotse ku ngwano yabaye mu butambiro yarimwo, agahorwa umukobwa ngo n’ububeshi bukomeye. Ivyo biheruka gushikirizwa na Black G Ubwiwe aho yaganira n’imwe mu mboneshakure zikorera ku rubuga rwa Youtube yaha Iwacu.

Uwo mwanditsi w’uturirimbo nka Babiri babiri yabwiye iyo mboneshakure ko igisida cazananye ku kirahuri umuntu yarafise aho yaratashe, kimaze kumeneka niho caca kimukata. Ava amaraso menshi cane.

Black yabwiye mugenziwacu Thehot ko yarazi ko ivyiwe birangiye, ariko Imana irakinga ukuboko, abantu baratabara, none ngo Imana yamwongeye imisi. Ariko naho yamwongeye imisi ngo aracafise akabazo ko k’intoke zitagikora neza, ariko akizera ko bizogenda neza kuko ngo yahawe gahunda yo kuja kuraba abaganga babimenyereye ngo babimufashemwo.

Naho abantu babonye ama foto menshi ya Big Fizzo arikumwe na Black G, ngo uwo muririmvyi siwe yamushikanye kwa Muganga, ahubwo ngo ni uwitwa Shariffa, azwi cane kuba yarabaye umukunzi wa Mkombozi kandi yabonetse mu mashusho atari make yamwiyegetse, akamutabariza gushika aho avurwa nkuko yabandanije abiyagira NGM TV.

Black akaba yanamenyesheje ko yababajwe cane n’abantui batari bake batashimye kumutabariza, ariko bagashima kuguma bafotora umuntu ariko arahwera. Ubu akamenyesha ko ukuboko ari sawa gahoro gahoro.

10,913 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment