Scroll to Top

Harmonize yagirijwe gutera inda umuririmvyikazi w’umunyakenya

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 09 May 2018 08:45 AM / /

Bugingo ivya Harmonise n’umukunzi wiwe bisa n’ivyarangiye, uwo muririmvyi yatanguye kwagirizwa amada y’abandi bakobwa.

Mu gihe umuririmvyi Harmonizer aheruka gutandukana n’umukunzi wiwe w’umuzungukazi afise akabira k’aba tariyano, uwo muririmvyi hari amakuru ava muri kenya yavuga ko yoba aheruka gutera inda umuririmvyikazi w’umunyakenya, uwo akaba asanzwe aririmba indirimbo zihayagiza Imana.

Uwo muririmvyikazi aganira n’ikinyamakuru co muri ico gihugu, Nicah the Queen yamiriye kure ayo makuru avuga ko yoba yibungenze umwana w’uyo muririmvyi w’umunya Tanzania. Aho ariko amakenga bamwe akaba ataheze kuko ngo mu ngendo Harmonize agize igihe akora mu gihugu ca Kenya yaguma aboneka arikumwe n’uwo mwigeme.

Ivyo bishitse mu gihe umuririmvyi Diamond nawe aheruka gutandukana n’uwo bamaze kuvyarana abana babiri. Uwo akaba yamuzizije ko Diamond ari ntaho mfatwa kuko abakobwa aguma abitembagazamwo. Nayo uwo mukunzi wa Harmonize ngo yoba azira umu Bodyguard wa Diamond -Mwarabu the Fighter-, uwo ngo bakaba bari bagize igihe baryamana.

11,720 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment