Scroll to Top

Ivya Chameleon na Diamond vyatoye umuti

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 10 May 2018 06:54 AM / /

Chameleon yemeye gukorana na Diamond indirimbo kubera igitsure c’aba fans biwe, naho bahora badacana uwaka.

Ubucuti hagati ya Diamond na Chameleon ngo bwahora butifashe neza na gato, ariko ubu amakuru ava muri Uganda avuga ko abo baririmvyi babiri b’ibihangange afrika y’ubuseruko ifise ngo bariko bakorera hamwe indirimbo.

Nkuko ayo makuru dukesha ibinyamakuru vyo muri afrika y’ubuseruko abivuga, ngo Chameleon ntiyogeze yerekwa gukorana indirimbo na mugenziwe wo muri Tanzania, Diamond. Kandi Diamond ubwiwe ngo yari yaragerageje kurondera ico gihangange ngo bakorane, ariko nticagira ico kibivugako.

Ayo makuru abandanya avuga ko Chameleon kubera ukuremerwa n’aba Fans biwe yashimye gukorana na mugenziwe, Diamond, aho ngo  amajwi yo akaba yaramaze guheza gukorwa, ubu hakaba harindiriwe amasanamu ango noneho bikunde asohokere rimwe.

Mwokwibuka ko Diamond ari mu baririmvyi bake bo muri kano karere bakorera ibiteramo muri ico gihugu ca Uganda akaronka abantu bakwiye bitaba ico giteramo ciwe.

 

5,341 total views, 0 views today

Add Comment