Scroll to Top

Kingorongoro afise umugambi wo gukorana n’abatari bake muri Tanzania

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 10 May 2018 09:03 AM / /

Baraka The Prince siwe wenyene azokorana na Kingorongoro indirimbo, ariko n’abandi bari inyuma.

Hampande y’indirimbo ngo yakoranye na Barack the Prince, umuririmvyui Kingorongoro avuga ko hari n’izindi yiteze gukorera mu gihugu ca Tanzania abarizwamwo muri kino gihe.

Mu kiyago gito yagiranye na Indundi magazine, uwo muririmvyi yabwiye indundi ko azomara muri ico gihugu ukwezi kwose kw’iramazani -Ramadhan-, aho akavuka ko muri ico gihugu azokorana n’abaririmvyi batari bake indirimbo. Ariko akavuga ko harimwo n’iyo azikorana wenyene.

Muri izo ndirimbo azokorera muri ico gihugu, uwo muririmvyi avuga ko harimwo izo azokorera amasanamu naho atashimye kuzivuga.

Tumubajije icamuteye gukorera muri Tanzania, avuga ko ari intango ko mu misi ya Vuba azumvikana ageze kwa Kenyatta, ngo Imana ibikunze yiteze gukora vyinshi.

Uyu akaba umuririmvyi wundi muririmvyi w’umurundi agiye gukorera muri ico gihugu inyuma ya Gaaga Blue, Kebby, T Max n’abandi.

11,805 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment