Scroll to Top

Akababaro ka bamwe mu bari muri Miss Burundi katanguye kuja ahabona

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 10 May 2018 10:18 AM / /

Mu gihe hariko harategurwa Miss Burundi ya 2018, abigeze guhiganwa muri kahise ishavu riraniga kubera batigeze bahabwa ivyo bemerewe.

Bamwe mu baserukiye intara bakomokamwo muri Miss Burundi

Nkuko amakuru dukesha Yaga Burundi abivuga, ngo abigeme bafashe iya mbere ngo bahiganirwe ico kibanza ca Miss Burundi ngo barafise vyinshi badahabwa. Murivyo harimwo ukudahabwa umwanya wo gushikiriza ivyiyumviro vyabo, kuko uwugize ngo arashikiriza asa n’uwuterwa ubwoba.

Abo bigeme bakavuga kandi ko mu gihe baba bamaze gutorwa ngo batanwa ibikorwa, ntibasubire kwitabwaho, kiretse mu ma manza akomeye cane. Abo bigeme bakaba basaba ishirahamwe Burundi Event kwigengesera bakitaho abo bigeme.

Hampande y’uko ama Compte muma Banque ngo bemerewe batabihawe, abo bigeme ngo nta masezerano yo gukorana bigeze bahabwa. Ico kigaca gituma badashobora kwitwara ahantu na hamwe.

Ic’ayo masezerano kikaba cabaye akayobera bahinga, kuko amasezerano yahawe abo bigeme ngo batayatahura neza bamwe bamwe. Mu gihe basavye kuyereka abashingwamanza ngo bayabasobanurire, iryo shirahamwe rikaba ryaciye rivyanka nkuko ayo makuru dukesha Yaga Burundi abandanya abishikiriza.

Iryo huriro ry’abanditsi -Bloggeur- rikaba rimenyesha ko hari ayandi makuru bakibandanya batohoza bazoshikiriza hanyuma.

17,241 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment