Scroll to Top

Jonathan Nahimana ”agashimwe ndagakesha abandi bakinyi dukinana muri Vital’o FC”[Interview]

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 12 May 2018 01:28 AM / /

 

Ku munsi w”ejo wa gatanu, niho ishirahamwe rya BRARUDI ribicishije ku kinyobwa ca Primus catanze ubushimwe ku bakinyi batowe bigenjeje neza mu kwezi kwa Ndamukiza muri uyu mwaka hamwe n’ukwezi kwa Munyonyo k’umwaka uheze.

Nahimana Jonathan , umunyezamu w’umugwi wa Vital’oFC niwe yaraye ahawe agashimwe arushije Shaka Bienvenue wa Aigle Noir FC na Danny Cedric Kagabo wa Messager Ngozi.  Aho hakozwe amatora aciye ku buhinga buto bwa message, ariko imbere y’aho hakaba hatanguye gutora abanditsi n’abamenyeshamakuru b’inkino.

Kabaye akaryo kandi k’ugushikiriza agashimwe umusatirizi Slim Saidi wo muri Olympique Stars kuko nawe yari yatahukanye ako gashimwe mu kwezi kwa Munyonyo mu mwaka uheze.

Muri ivyo birori hakaba hari hitavye icegera ca mbere c’uwurongoye ishirahamwe ry’umupra w’amaguru hano mu Burundi, abaserukiye BRARUDI biciye mu kinyobwa ca Primus hamwe n’uwurongoye ikinyamakuru BurundiSports.co, catanguje ayo matora tutibagiye abamenyeshamakuru b’inkino batowe ngo bqgire akanama k’ugutora ( Jury)

Abo bakinyi bakaba baronkejwe igikombe ciza cane giherekejwe n’ibahasha ringana n’amafaranga ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu (250000FBU).

Inyuma y’ukuronka agashimwe Jonathan Nahimana yagaragaje umunezero yarafise , yongera yishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru.

3,570 total views, 0 views today

Add Comment