Scroll to Top

Patrick Richard mu bamenyereza bahawe impamyabushobozi yo ku rwego rwa kabiri (Niveau 2).

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 12 May 2018 04:04 AM / /

Patrick Richard Ngwijuruvugo, umwe mu bamenyereza b’umugwi wa REG BBC, ari mu bamenyereza baraye bahawe impauro zemeza ko bakurikiranye ivyigwa bitanga uburenganzira bw’uguhabwa impamyabushobozi yo  ku rwego rwa kabiri ( Niveau 2).

Ivyigwa vyari vyatunganijwe  n’ishirahamwe rihuza  inkino mu gihugu c’Urwanda   ( Comité National Olympique du Rwanda), bikaba vyahuza abamenyereza bose bamaze kuronka ivyigwa vy’urwego rwo hasi.

Ivyigwa  bikaba vyatanzwe n’uwitwa Doctor Mohamed Sharif Habib ava mu gihugu ca Tunisia, asanzwe amanyerewe nk’uwurongoroye ishiramwe ry’abatoza b’urukino rwa Basket Ball muri Afrika.

Uno mumenyereza akaba ari umwe mu bamenyereza bakiri bato bamuka hano mu Burundi, bariko baratembera imbere bakanaronka impamyabushobozi wo ku rwego mpuzamakungu.

Uno mumenyereza akaba azwi hano mu Burundi, kuba yamenyereje imigwi ikomeye, ku ruhande rw’abigeme muri Berco Stars atahukana ibikombe bitandukanye harimwo na mpuzamakungu. Ku ruhande rw’abasore akaba yaciye mu mugwi w’Urunani, naho akaba yatwaye ibikombe bitandukanye hrimwo mpuzamakungu.

7,118 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment