Scroll to Top

CAF U20 : Burundi-Soudan : Abakinyi batangura mu kibuga bashizwe ahabona.

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 12 May 2018 04:23 AM / /

Kuri uno wa gatandatu, ku kibuga citiriwe Urukundo mu ntara ya Ngozi, hategekanijwe urukino hagati y’umugwi nserukiragihugu w’Uburundi ku bakinyi batarenza imyaka 20, hamwe n’igihugu ca Soudan.

Inkino zirondera itike y’ukuja mu gikombe ca Afrika c’abatarenza imyaka 20, kizobera mu gihugu ca Niger mu mwaka uza wa 2019.

Abakinyi batangura mu kibuga ku ruhande rw’Uburundi bakaba bashizwe ahabona n’umumenyereza w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20, Joslain Bipfubusa.

RUKUNDO Onesime (Messager Ngozi) -SELEMAN Moustafa (Aigle Noir) (C)-NDORIYOBIJA Eric (LLB S4A)-BIGIRIMANA Ramadhan(Aigle Noir)-NDAYE Chancel (LLB S4A)-MBIRIZI Eric (Buja City) -MURYANGO Mabano (Aigle Noir)-KWIZERA Eric (Les Lierres)-RAMADHAN-Pascal(Olympic Star)-DJUMA Mohamed(Musongati Fc)-SHAKA Bienvenue(Aigle Noir).

Abasubirira abandi :

NDUWIMANA Hailé Shalom(Ngozi City)
HAKIZIMANA Héritier(Aigle Noir)
KWIZERA Eric (Musongati Fc)
NSHIMIRIMANA Jospin(Delta Star)
NDIKUMANA Magloire(Olympic Star)
KANAKIMANA Bienvenue(Aigle Noir)
MAVUGO Cédric (Aigle Noir)

Abamenyereza: Bipfubusa Joslain- Omar Ntakagero- Hassan Amidou.

Uburundi bukaba bwashitse kuri iyo ntambwe, inyuma y’ugukuramwo igihugu ca Ethiopia, bagitsinze inkino zibiri zose zabahuje.

10,023 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports
Tagged as:

Add Comment