Scroll to Top

Riziki ariko akora urukurikirane rw’indirimbo zizosohoka buke buke

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 12 May 2018 05:34 AM / /

 

Riziki ariko akora amasanamu y’imwe mu ndirimbo zizoba zigize urukurikirane rwiwe rushasha.

Urukurikirane rw’indirimbo 10 ruriko rurahinyanyurwa, urwo narwo rukaba ar’urw’umuririmvyikazi Riziki Uwinyota. Mu kiyago c’akanya gato yagiranye na Indundi Magazine, uwo muririmvyikazi abarizwa ku mugabane wa buraya akaba yavuze ko hari izimaze kurangira, ariko imwe gusa ariyo imaze gusohoka, iyo nayo akaba ari “Sekura”.

Twamubajije igihe zizoza zirabonekera, avuga ko buri kwezi hari iyizoza irasohoka, aho akaba yanamenyesheje ko izishika kuri 6 zo zikaba zaramaze kurangira gukorwa.

Abajijwe ikibazo c’amasanamu y’izo ndirimbo, uwo muririmvyikazi akaba yavuze ko imwe murizo yo iza iriko irakorerwa ayo masanamu, iyo nayo ni “Sekura” ubwabyo. Akaba yamenyesheje kandi ko amazina y’izo ndirimbo azoshirwa ahabona uko izo ndirimbo zizoza zirasohoka.

Riziki akaba ari mu baririmvyi b’abarundi babarizwa ku mugabane wa Buraya, uwo akaba amaze kwitabira ibiteramo, amahiganwa, amasabukuru co kimwe n’imanza zisanzwe zihuza abantu ariko hagakenerwa umuziki

20,878 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment