Scroll to Top

CAN U20: Uburundi bwanganije na Soudan kimwe ku kindi(1-1).

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 12 May 2018 12:28 PM / /
Photo Légende: BurundiSports

Umugwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka mirongo ibiri unganije n’igihugu ca Soudan, urukino rwabereye mu ntara ya Ngozi ku kibuga citiriwe Urukundo.

Urukino rwatanguye igihe c’isaha icenda mu masaha ya hano mu Burundi, rutangura igihugu c’Uburundi  gifise imforo y’ugutsinda urukino. Ku munota wa 24′, umusatirizi Juma Mohamed ku ruhande rw’Uburundi niwe yatanguye gutsinda.

Ibitatevye ku munota wa 29, umukinyi  wa Soudan yitwa Wallaeidin Moussa atsinda igitsinda igitsindo c’ukugombora, gurtyo igice ca mbere kirangira ari kimwe ku kindi (1-1).

Urukino rukaba rwarangiye banganije igitsindo kimwe ku kindi (1-1), bituma urukino rw’ugusubiriza rutegekenijwe mu ndwi imwe mu gihugu ca Soudan, rutazoroha ku gihugu cacu, aho gisabwa gutsinda urukino, kugira gishobore kuja ,mu gice gikurikira.

 

20,473 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment