Scroll to Top

Zari yagarutse Ku buzima yagiranye na Diamond

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 16 May 2018 13:30 PM / /

Urukundo zari yakunze uwahoze ari umukunzi wiwe, Diamond Platnumz, ngo ntawe yaruhishije. Ariko akagaye kamaze kwaka indaro yahisemwo gukinjura.

Uwahoze ari umukunzi wa Diamond akaba na mama w”abana biwe, yagarutse cane Ku buzima yabanyemwo na Diamond Platnumz.

Mu kiyago yagiranye na Kiss FM yo mu gihugu ca Kenya, yavuze ko abantu batari bake babonye ko yakunda Diamonds, ariko ngo akagaye kabonetse mu nyuma Niko kamutumye ahebana nawe.

Muri ico kiyago nyene, yavuze ko ako kagaye katumye n’abana biwe babihorwa, rimwe na rimwe ngo bagatukwa ivyo se ariko arakora.

Mwokwibuka ko Zari yamenyesheje igenekerezo ry 14 ruhuhuma-2- muri uno mwaka nyene ko ivy’urukundo rwiwe na Diamond vyarangiye.

4,165 total views, 0 views today

Add Comment