Scroll to Top

Desire P arabakebura ko bazobazwa ivyo bakoze

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 16 May 2018 12:01 PM / /

Kubwa Desire p, ngo igihe kimwe ivyo dukora tuzobibazwa. Ivyo akaba yabishikirije mu karirimbo One day aheruka gushira ahabona.

One day ni kamwe mu turirimbo duheruka gushirwa ahabona mu misi iheze, ako karirimbo akaba ar’uk’umuririmvyi Desire P.

Muriko, uwo muririmvyi agaruka Ku nyigisho abakiri bato bahabwa Ku bijanye n’udukingirizo, we akabona ko abantu bohabwa inyigisho zo kwihangana gusumba kwerekwa udukingirizo.

Muri iyo ndirimbo, aragaruka kandi ngingo iheruka gufatwa n’ubushikiranganji bw’indero, aho babujije ama meche mu mashuri. Uwo muririmvyi akaba abishima kuko kuri we hari ababizira.

Ako karirimbo kakaba kakorewe muri G Made this kwa GN lfls, yandikwa na Desire P ubwiwe.

Mwokwibuka ko uwo muririmvyi asanzwe abarizwa mu murwi Black 7, usanzwe ugizwe nawe hamwe n’uwundi mu Rappeur mugenzi we.

618 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment