Scroll to Top

Adèle Amrouche agiye kumenyereza igihugu ca Libya.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 14 May 2018 14:09 PM / /

Uwahoze ari umumenyerza  w’Intamba mu rugamba (2007-2012), umunya algeria afise n’ubwenegihugu bw’ububiligi, Adele Amrouche  yahawe amabanga y’ukumenyereza igihugu ca Libya.

Inyuma y’ukumara igihe kitari gito ata mugwi afise ariko aramenyereza, Adele Amrouche yahawe ayo mabanga  kuri uno munsi wa  mbere, aho agiye gusubirira uwitwa Omar Maryami, akaba agiye gutegura umugwi wa Libya mu gikombe ca Afrika co mu 2019 kizobera muri Cameroun.

Adele Amrouche, inyuma y’ukuva hano mu Burundi akaba yaciye mu gihugu ca Kenya  aho yabahaye igikombe ca CECAFA Senior Challenge kigira gatandatu mu mwaka wa 2013. Muri 2016, yaciye akanya gato cane mu mugwi wa USM Alger wo muri Algeria.

8,847 total views, 0 views today

Add Comment