Scroll to Top

Best Life kuri stage imwe n’ibihangange Bebe Cool na Sheebbah

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 15 May 2018 22:55 PM / /

Best Life, Bebe Cool, Queen Sheebbah, Enock Bella n’abandi batandukanye bagiye guhurira mu giteramo gikomeye I Bugande.

Aho bukera, ivyari birindiriwe buca bishika, mu gihe ataco hinduka.

Umurwi Best Life buca ukorera igiteramo mu gihugu c’ubugande. Ico giteramo kikazohurirwamwo n’abaririmvyi batari bake baho I bugande, barimwo ibihangange nka Bebe Cool na Sheebbah Kalungi bakunze kwita Queen Sheebbah.

Muri ico giteramo, abarundi n’abaganda sibo bonyene bari Ku rutonde rw’abazoririmba gusa, kuko hazoba haje n’umu Tanzania, Enock Bella, nawe ari musi y’uburongozi bwa Chako Music Group co kimwe na Best Life.

Ico giteramo kimaze kunemezwa na Bebe Cool biciye muri Video yakoze atumira abakunzi biwe murico, kikazobera ahitwa Game Club, ukwinjira akazoba ari 200,000 USH mu bwugamo bw’iteka, hamwe na 10,000 USH mu bibanza gisanzwe.

Mwomenya ko iyo nzu y’ubuhinyanyuzi iriko itegura ico gikorwa, inyuma yaho bakoranye igikorwa ca 1 n’uwo murwi, ico akaba ari amasanamu y’indirimbo yabo bise “Hello”.

7,208 total views, 0 views today

Add Comment