Scroll to Top

Ngo bazokora ibibazo vya Reta bimwesheje

By Julien Barinzigo / Published on Tuesday, 15 May 2018 04:52 AM / /

Umushikiranganji w’indero aragabisha abanyeshure bagiye gukora ibibazo vya  Reta ko atawuzokwemeregwa gukora ikibazo atimwesheje.

Mu gihe yariko aragendera amwe mu mashure ya Komine Vugizo mu ntara ya Makamba muri uyu wa gatanu igenekerezo rya 11 rusama.

Umushikiranganji atangura abaza abari ngaho iyo indero iva : ‘’Indero iva hehe ? Ku ziko.Nico gitumaz nabwiye abanyeshure nti imweshe nababonye batimwesheje.Concours yo mu mwaka w’icenda yageze, vya bihuha bavuga barabeshe mwarabibonye. Ni inyuma y’itariki 17. Abanyevugizo, abanyamakamba bose, ejo bundi hariho umwana yaduteye iteka avuka i Nyanza-Lac aba uwa mbere mu gihugu cose.Ubwa kabiri hariho n’abanyeshure barangije amashure yisumbuye baja mu za kaminuza nahonyene hariho ikibazo ntibikange ngo ni inkumi n’imisore ngo batereke ubwanwa n’imishatsi. Muzokora ikibazo mwimwesheje’’.

8,689 total views, 0 views today

Add Comment