Scroll to Top

Abarundi baba muri Amerika basabira umuryango wa Mugabo gufashwa

By Julien Barinzigo / Published on Tuesday, 15 May 2018 05:02 AM / /
Samuel Ndayiragije arongoye ishirahamwe BAHO( yambaye ikaravati)

Kubera urupfu ruturutse ku muriro rw’abana batanu bavukana b’umuryango wa Emmanuel Mugabo , ishirahamwe ry’abarundi baba muri Reta zunze ubumwe z’Amerika Burundian-American Heritage Organization (BAHO) risaba ababa muri ico gihugu kugarukira kuri uyu muryango.

Ishirahamwe ry’abarundi baba muri Amerika Burundian-American Heritage Organization (BAHO) mw’itangazo ryasomewe kuri Radio Indundi iri muri Arizona ryahojeje umuryango wa Emmanuel Mugabo umukongomani yaraye abuze abana batanu bavukana bahitanywe n’impanuka y’umuriro yaturiye inzu y’uwo muryango aho asanzwe aba mu ntara ya Karorina ya ruguru.

BAHO ryifatanije n’uwo muryango rikakababazwa n’ubuzima uyu muryango urimwo. Samuel Ndayiragije arirongoye imbere y’amategeko ahamagarira abanywanyi baryo bose gutanga ico bafise ngo bashigikire uwo muryango muri bino bihe bidasanzwe.Yongera ati :’’BAHO rirategera cane akamaro k’abana n’umuryango, kandi kubura abana batanu icarimwe, ico ni ikiza kidasanzwe.Abavyeyinabo basigaye(umwe n’ubu araragwaye) barakeneye imfashanyo y’umutima n’umubirimu kurindira ko amatohoza  y’igiporisi agira ico ashikirije’’.

Kubera iyo mvo ishirahamwe Burundians Americans Heritage Organization (BAHO)  ryaciye rihamarira abarundi bose, abakongomani bose, abanyarwanda bose n’abandi banyamahanga bose Reta hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba impunzi (HCR) ngo bakore ibishoboka , umwe wese atange ico ashoboye kugirango bagarukire kuri uyo muryango.

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 20 rusama ahari ishengero African  Baptist Church of Phoenix :3100 Wcamelback Rd, Phoenix Az8517 hategekanijwe inama y’abarongoye amashengero mu ntumbero yokwegeranya imfashanyo izoshikirizwa uyu muryango kw’izina ry’abantu bose baba muri Arizona.

 

11,112 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Opnions
Tagged as:

Add Comment