Scroll to Top

Mu masengesho ya Ashley diva havuyemwo umusore

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 15 May 2018 09:29 AM / /

Umusore yabonetse Ku rubuga rwa Facebook rwa Ashley Diva arikumwe nawe nyene kwi foto, ngo niwe yavuye mu masengesho ya Diva.


Ashley Diva yashize ahabona uwo avuga ko Imana yamuhaye aho yasenga.

Inyuma ya Pierrot akina umupira w’amaguru mu gihugu kibanyi c’Urwanda, umuririmvyikazi Ashley Diva ntiyigeze yerekana uwo basigaye basohokana. Ariko amakuru yavuga ko Sat-b ashobora kuba ariwe yakurikiye, ariko bikaba bitari vyoroshe kwemeza kuko bose atawigeze avyemeza imbere y’ibinyamakuru.

Uwo mwanditsi w’akaririmbo “My Level” akaba aheruka kumenyesha ko yasenze Imana imuha umusore. Muri ayo masengesho, uwo muririmvyikazi akaba yasaba umunezero none ngo Imana yamuhaye uwo.

Abakurikirana ibikorwa vyiwe ku rubuga rwa Facebook, bakaba batahengeshanije kumukeza. Bamwe bakaba bavuga ko baberanye, abandi nabo bagashimana Imana hamwe nawe kuko yamwishuye amasengesho.

Mwomenya ko uwo mwigeme agize imisi aboneka Ku rubuga rwiwe rwa Facebook yandika amajambo y’Imana gusa. Ubwo nawe ntiyoba yahambije inzira y’umusaraba? Wait and See.

10,573 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment