Scroll to Top

Mw’isakwa ryabaye uwu musi i Muramvya hafashwe abatari bake.

By Indundi Staff / Published on Tuesday, 15 May 2018 13:58 PM / /
Isanamu ngereranyo

Uwu musi igerenekerezo rya 15 Rusama 2018, mu makaratiye ashika atatu yo mu Ntara ya Muramvya. Abantu rero bashika 27 ngo nibo bafashwe muri bo hakaba abafatwa kuba badafise ibibaranga abandi nabo bakaba bagirizwa bimwe vy’ukugira urudandaza rw’ugutembereza utagira aho ukorera nyezina hazwi na Leta.

Mu bintu vyafashwe ngo harimwo ipikipiki, ikinga, imyambaro itatu y’ibirato nka birya vyambarwa n’abajejwe umutekano hamwe n’imyambaro ibiri ya za koti zitanyegerwa n’amazi hamwe rero n’urumogi ngo ruke.

9,188 total views, 0 views today

Categories : Burundi homepage security

Add Comment