Scroll to Top

Amasanamu y’akaririmbo Sabwe Ka Masterland ni Vuba cane

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 16 May 2018 16:34 PM / /

Amasanamu y’akaririmbo “Sabwe” ka Masterland ngo mu misi ya Vuba buca ashirwa ahabona. Ivyo vyashikirijwe na Masterland ubwiwe Ku rubuga rwa Facebook kuri uyu wa 3 igenekerezo rya 16/5.

Akoresheje isanamu arikumwe n’abigeme basa n’abagize umurwi uririmba, kubera umwambaro bari bambaye, nawe nyene hagati, Masterland yasavye abakunzi biwe gusangiza iyo nkuru abandi. Ariko ntiyadomako urutoke neza neza umusi w’isohoka ry’iryo sanamu.

Ako karirimbo kakaba kazoba kagiye ahabona inyuma y’imisi mikeya asohoye amajwi yako. Ayo akaba yateye ibibazo bitandukanye kuko bamwe bibaza ko uwo muririmvyi yoba yakijijwe.

Ako karirimbo kandi gakurikiye uturirimbo turimwo Hallelujah yakoranye n’umuhinyanyuzi w’amasanamu wo muri Indonyi Records.

16,549 total views, 0 views today

Add Comment