Scroll to Top

Primus Ligue: Messager Ngozi canke LLBS4A,ninde afise amahirwe y’ugutahukana igikombe ?

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 16 May 2018 12:07 PM / /

Inyuma y’urukino rw’ikirarane rwaraye ruhuje umugwi wa LLBS4A na Olympique Star ku kibuga c’i Buganda mu ntara ya Cibitoke, urukino rwaraye rusubije LLBSA mu kibanza ca mbere c’ihiganwa rya Primus Ligue.

Intsinzi y’ibitsindo bine kuri kimwe (4-1), niyo yaraye igaruye icizere ku ruhande rwa LLBS4A c’ukwiyongera igikombe ca Primus Ligue, inyuma y’ukugitahukana ku mwaka uheze.

LLBS4A ikaba yaciye ija mu kibanza ca mbere n’amanota 66 mu nkino zigera kuri 28 n’ibitsindo bigera kuri 30 izigamye kuko imaze gutsinda ibitsindo 49, itsindwa ibitsindo 19.  Ico kibanza ikaba yagikuyemwo umugwi wa Messager Ngozi wari umaze iminsi uri mukibanza ca mbere.

Messager Ngozi ikaba nayo ifise amanota 66 nayo nyene ariko ubudasa bw’ibitsindo akaba ari bwo bubatandukanya kuko izigamye ibitsindo 27.

Gushika kuri uno munsi iyo migwi ibiri niyo iriko iragwanira igikombe c’uno mwaka w’2017-2018 mu gihe hasigaye inkino zibiri gusa.

LLBS4A ikaba isigaje gukina inkino zibiri kuri buri mugwi harimwo rumwe ruzobahuza ku ndwi igira 30 y’ihiganwa ari nayo yanyuma,(LLBS4A Vs  Delta Stars, Messager Ngozi Vs LLBS4A).

Messager Ngozi nayo nyene ikaba isigaje inkino nk’izo nyene:( Messager Ngozi Vs LLBS4A , Olympique Stars Vs Messager Ngozi).

Kugira ngo Messager Ngozi itahukane igikombe ca Primus Ligue cayo ca mbere muri kahise kayo isabwa ku datakaza urukino na rumwe kandi ikanazitsinda ku bitsindo vyinshi cane birenga bitatu. LLBS4A nayo nyene ikaba isabwa gutsinda inkino zibiri zisigaye, ikongerako ibitsindo kugira ibananye izigamye ikibanza ca mbere.

 

6,321 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment