Scroll to Top

Russie 2018: Umugwi w’imboneza watahukanye ikibanza ca gatatu.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 16 May 2018 13:23 PM / /

Umugwi Imboneza waserukiye Uburundi mu nkino z’isi zihuza imigwi ivuye ku mugabane w’isi ku bana bahoze baba mw’ibarabara warangije izo nkino utahukanye ikibanza ca gatatu. Inkino ziriko zibera mu gihugu c’Uburusiya.

Imboneza zikaba zatsinze igihugu ca Indonesia ku bitsindo bitatu kuri kimwe (3-1); inyuma y’aho bakuwemwo n’igihugu ca Ouzbekistan ku gitsindo kimwe ku busa (1-0). Mu rukino rwa kabiri abasore b’i Burundi,  bakaba bari batsinze igihugu ca Brazil ku bitsindo bine kuri kimwe (4-1).

Urukino rwa nyuma rukaba rutegekanijwe ku munsi w’ejo rukazohuza ibihugu vya Ouzbekistan na Pakistan.

Imboneza bakaba bitezwe hano mu Burundi ku wa gatandatu, igenekerezo rya 19 Rusama aho bazotegerwa n’indongozi za New Generation Burundi ari naryo ryatunganije urugendo rw’abo bana.

 

6,831 total views, 0 views today

Add Comment