Scroll to Top

Sat-b ngo agiye kwiyegereza Imana muri uku kwezi kwa Ramadhan

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 17 May 2018 09:07 AM / /

Mu gihe haraho yahora afunga ukwezi kwa Ramadhan abandi barakurangije, uyu mwaka nawe yashimye kwiyegereza Imana.

Aboubakar karume benshi bazi nka Sat-b ngo ubu ivy’ukwiruka inyuma y’amafaranga asa n’uwabihagarikije, ahubwo ashaka gufata akanya ngo yiyegereze Imana muri kuno kwezi kweranda kwa Ramadhan.

Abicishije Ku rubuga rwiwe rwa Twitter, uwo muririmvyi yabwiye abamukurikirana ko uku kwezi kwa Ramadhan agiye kwiyegereza Imana, ngo ivy’ibiteramo ni mu mpera z’ukwezi kwa 6.

Sat-b akaba mu myaka iheze, hari aho atafunga kubera yaba ari mu ruhererekane rw’ibiteramo bitandukanye yaba yateguriwe.

Ivyo abishikirije mu gihe uno musi wa gatatu Igenekerezo rya 17/5 ariho hatangura ukwezi kweranda kwa Ramadhan kwisi yose.

11,974 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment