Scroll to Top

#Urwevu| Mariage| Ukwubaka si ukubika inda. Menya hano ibindi vyorushinga rukaguma!

By Indundi Staff / Published on Thursday, 17 May 2018 10:24 AM / /
isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Ntakamutore utunenge uhagaze kw’isunzu ry’inzu!

Mu bijanye n’imibano muri rusangi,abahinga bahanura ko vyoba vyiza umuntu wese hejuru y’ukwibaza uko ari yobanza akibaza uko mugenzi we ari. Ivyo rero ngo ntibigoye kuko kenshi, abantu muri kameremere yacu turasa.

Ikintu rero nyamukuru cotubera ingenzi mu mibano yacu ni ukumenya ko muri kameremere ka muntu ngo hasanzwe harimwo akantu k’ukwikunda, kamwe kaza karakubarira ngo ibi wakoze ni vyiza, ako nako kakaba katiyadukiza nyabuna kaba gafatiye ku rusukirane rw’ivyo waciyemwo vyose vyaguhaye kugira isanamu yawe katwa.

Ivyo rero ni rusangi ku bantu bose. Abahinga bamenyesha ko ariko turemwe muri rusangi. Ni co gituma umaze rero guca urwevu uheza ugaca ubikoresha mu mibano yawe n’abandi na cane cane mu bijanye  n’ukubakana mubona ko ariho bivurwa ko ibere rikunda kuyaga kurusha ahandi!

Kimwe rero gishobora kumubabaza naho yokwinumira( data ngo niko zubakwa) n’ikijanye n’ukumutora akanenge uhagaze kw’isonga ry’inzu! Ibi navyo bishika nko mu kiringo ubonye hari ikintu kitakuguye neza yakoze maze ishavu rikaja I mutwe ribanje guca mu muhogo rikaniga!

Mu gukora gutyo yamara , abahinga bamenyesha ko hari ico uba wibagiye. Uba wibagiye ko wewe atari wewe. Uba wibagiye ko muri abantu babiri badasa naho bafise vyinshi bahuriyeko , ubudasa nabwo  bukaba buhagaze ku vyo umwe wese yaciyemwo ari vyotumye aba ,.vyahavuye bimubera nk’ibimenyetso ndanga nzira. Abahinga bamenyesha ko ivyo dukora vyose biba bivuye mu bishobisho( emotions) yamara mu kugerageza kuvyemeza tugakoresha  ubwenge.

Nk’uko rero babihanura, ngo mu kiringo ubonye umuntu akoze ikintu kitakuguye neza, woheza ngo ugaca wihutira nyabuna kwibaza uti “ ubwo iyo mba we, nkaba ndi mu bihe yarimwo naje nyene sinari gukora uko nyene?”.

Ico kibazo ukazoza urihutira kucibaza, bizogutuma kwiyishura uti” egome nyene” canke naho wase kwitoneka uce wiyishura ngo “ oya”canke ushatse kuja hagati ugaca wiyishura uti “ sinzi”. Mu kiringo c’ukwididanya imitima wibaza inyishu wokwiha kuri ico kibazo, uzoca usanga kenshi wahisemwo kunuma. Aho uzoba ubitoye!

Mu nyuma rero uraheza ugakoresha ubuhinga wavukanye bw’ukumubwira uciye mu bwenge bwitonze maze nya wayo akazoteba agahinduka bivuye muri we yamara nawe wamufashije , maze akibaza ngo niwe bivuyemwo yamara ari wabiteye ukoresheje ubwenge

12,985 total views, 0 views today

Add Comment