Scroll to Top

#Urwevu| Ushaka kumenya iyo wifuza gushika mu buzima koko? Raba hano!

By Indundi Staff / Published on Saturday, 19 May 2018 01:20 AM / /
isanamu ngereranyo y’uwuri ku rugendo rugana isonga

Ushobora kumbure gusanga ico uri uno musi atari ico wewe nyene wihitiyemwo. Kumbure abavyeyi bawe bakujanye kwiga amategeko ngo uzoce imanza kandi washaka weho kwibera umudandaza kugira wegeranye amafaranga murabana mu ma mose, ari wewe nyene wigerera , atari uwundi akugerera nk’umugererwa.

Ivyo ntaco bitwaye, vyarabaye , vyarabaye. Yamara rero ntivyaheze. Inkuru nziza n’uko ushobora guhindura. Birashoboka ko ufata ingingo uwu musi ukagira uti , kuva uwu musi ndatanguye urugendo runjana ku musozi hejuru.

Umwanditsi STEPHEN R.COVEY  w’umu nya America mu gitabo yanditse citwa “7 HABITS OF HIGHLY EFFECTIVE PEOPLE” hano araduha uburyo butomoye ushobora kugerageza kugira umenye neza ico wifuza.  Mu majambo avunaguye  agira ati” Humuriza maze rero utangure kwibona waherekeje ubwa nyuma umuntu ukunda yitavye Imana. Wirabe uko wambaye, ubone barya bantu bose muza guhurirayo, ubone za mpuzu zirabura , ubone umubabaro, ubone kandi ibindi bimeze nk’umunezero w’ukubona abantu benshi mutaherukana , incuti , abagenzi,… eka nyene ubone irya kirya cuka( ambiance) kihari. Ivyo niwamara kubibona neza ngo uce wibaza ko ari wewe witavye Imana uwo musi.  Uheze rero uce ubona abantu bariko bahererekanya amajambo y’ukuvuga ubuzima wabayeho, ico wamaze aha kw’isi, uko wari umeze. Utangure wumvirize abo mu mudyango ivyo bavuga, abagenzi mwakoranye,…

Ivyo rero ukigora ukabishitsa, uraheza uce rero bisa nk’uko ari wewe wateguye amajambo abantu baza baravuga kuri wewe. Ivyo wifuza ko bazovuga, ni vyo muri kameremere kawe wifuza gushikako naho ubona ubu utarabishikako. Ca rero ubigira imigambi ugire uti sinzova aha kw’isi ntashikanye ivyo nshaka bazovuga nshengeye.

Nivyo ko kenshi tudakunda kwiyumvira mwen’ivyo bintu, ni naco gituma uvyiyumviriye bigufasha ugasanga uciye ugira inkomezi z’ukwinanata.

Ca urwevu utangure. ( Ntugire ubwoba ngo bihava biba ubu nyene. Ahubwo ni akaryo keza k’ukubwira ka gatimatima ko mu bwonko , subconscient” y’uko hataragera ko gasezera kuko ugifise umurimo uguhanze).

Ca urwevu!

9,577 total views, 0 views today

Add Comment