Scroll to Top

Indirimbo Salome ya Diamond yateye ikibazo abifuza Mobeto

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 19 May 2018 04:20 AM / /

Indirimbo izoboneka ko iri musi mu bwiza n’ukuryoha ya Salome ya Diamond, iyo ngo Mobeto ntazoyibonekamwo.

Mu gihe umwigeme Hamissa Mobeta aheruka kuboneka muri Video nka video Queen mu mwaka wa 2016 muri Video y’indirimbo Salome ya Diamond, uwo mwigeme yarahiye ararengwa ko ama Video yandi atagiye kuyerekwa.

Amakuru dukesha Bongo5 avuga ko uwo muvyeyi w’umwana wa Diamond avuga ko ivyo abivuga kubera ukuja muri video kwiwe ngo bitari nk’ivya nciyaho. Uwo mwigeme akaba avuga ko we afise ivyo abanza kuraba imbere yuko yemera kuja muri izo Video.

Aho akaba yaciye agirako amenyesha ko ngo iyindi yiteze kuzojamwo ari iyizoza isumvya ubwiza n’ukuryoha Salome ya Diamond.

Mwomenya ko inyuma y’ishirwa ahabona ry’amasanamu y’iyo ndirimbo uno musi ibarizwa mu ncuro zirenga 23.000.000 imaze kurabwa ku rubuga rwa Youtube, ariho hatanguye kwumvikana urukurukuru rw’inda yoba yaratewe na Diamond ubwiwe. Ivyahavuye biba vyo, binaba bimwe mu vyatumye Diamond na Zari uwo bafitanye abana 3 batandukana.

11,149 total views, 0 views today

Add Comment