Scroll to Top

#diaspora | Umutambukanyi wa Mt Number one ngo ariko aratora mitende

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 19 May 2018 08:16 AM / /

Umutambukanyi wa Mt Number one ubu ngo yifashe neza, ariko aratora mitende.

Umutambukanyi wa Mt ari mu bitaro

Ubu ngo umurwayi ameze neza,. ivyo vyashikirijwe na Mt Number one ubwiwe aho yaganira na Indundi magazine. Nayo uwo twavuga n’umutambukanyi wiwe asanzwe afise akabazo k’amagara ariko Imana n’abaganga bakaba barahabaye none ubu ngo n’amahoro.

Muri ico kiyago yatubwiye ko uwo muvyeyi w’abana biwe yamaze gusohoka ibitaro, ubu ngo ari muhira kandi ariko aratora mitende.

Abakunda gukurikiranira hagufi amakuru y’uyo muririmvyi ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha, akaba yari yamusabiye gukira kuko yari mu bitaro.

Mwokwibuka ko Mt Number one asanzwe ari umuririmvyi w’umurundi abarizwa muri leta zunze ubumwe za amerika neza neza muri Tennesse.

Mt Number one arikumwe n’umutambukanyi wiwe

20,897 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment