Scroll to Top

REG BBC yaraye itahukanye igikombe iyobowe na Patrick Richard nk’umumenyereza mukuru.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 21 May 2018 02:43 AM / /

Ku munsi w’ejo niho mu gihugu c’Urwanda, harangira inkino z’igikombe citiriwe Gisembe ku migwi yo muri ico gihugu, igikombe caraye gitahukanywe na REG BBC ku ruhande rw’abagabo, idatsinzwe na rimwe kuva mu gice c’amatsinda.

Iyobowe n’umumenyereza (Patrick Richard Ngwijuruvugo), wa hano iwacu mu Burundi, REG BBC yaraye itsinze urukino rwa nyuma ku manota 84 kuri 45 ya APR BBC, bahabwa ibahasha ringana n’amafaranga angana n’ibihumbi amajana atanu vy’amafaranga y’amanyarwanda (500000 Fr RWA).

N’umunezero ukomeye ku mumenyereza w’uno  mugwi, inyuma y’uguhabwa inkino zose zo muri kino gikombe ngo aziyobore nk’umuenyereza mukuru.

“Ubwambere noshima Imana kubona twatwaye kino gikombe inyuma y’ukubura igikombe c’ihiganwa ku munota wa nyuma. Kino giombe kiduhaye akaryo k’uguhiganwa mu gikombe ca Memorial Gisembe kiwoba kirimwo imigwi yo muri kano karere. ” 

Muri rusangi uno mumenyereza akaba atahukanye igikombe ca gatatu ari muri uno mugwi, akaba  yitezwe kandi ko agiye kubandanya yigenza neza na cane cane mu bikombe bagiye guhiganirwa harimwo Memorial Gisembe; itegekanijwe kuva ku wa 25 gushika ku wa 27 Rusama mu gisagara  ca Kigali.

13,513 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment